Amakuru
25 octobre 2021

Richard Nshimirimana, yiyongera ku bitigiri vy’abamaze kuburwa irengero mu Burundi

Richard Nshimirimana, avuka muri komine Ndava intara ya Mwaro, yanyururijwe ku Mutakura mu gisagara ca Bujumbura. Hari kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga umwaka w’2020. Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, amenyesha ko Richard Nshimirimana yanyurujwe n’abagabo batatu harimwo umwe yari yambaye impuzu za gisirikare. Pacifique Nininahazwe yongera akavuga ko iperereza rya gisirikare rifise ikibanza kinini mu mabi ariko arakorwa muri kino gihe mu Burundi.