Amakuru
22 octobre 2021

Abahutu nibo bakozweko cane n’ubwicanyi mu Burundi, iyo ni imvugo yo guteranya Abarundi

Leta ya CNDD-FDD yaramaze gufata ingendo yo kwerekana ko intureka zabaye muri kahise zahitanye Abahutu gusa, ko arivyo vyonyene vyokwama bivugwa mu gihugu, ivyakorewe Abatutsi navyo bikibagirwa. Ivyo biri mu mwihwezo w’ishirahamwe FOCODE riharanira agateka ka zina muntu. Ivyo ni inyuma y’aho umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca atangiye itegeko ribuza imiryango kwibuka kuri uyu wa kane uheze abana babo bababa 100 bishwe baturiwe bari mw’ishure Kwibubu mu 1993, ko batorenga abantu icumi baja kubibuka. Uwo mushikiranganji akaba yasiguye ko ari ku mvo zo kwirinda ikiza ca Corona. Pacifique Nininahazwe, arongoye iryo shirahamwe, asigura ko ari ikosa rikomeye cane ryakozwe kuko ayo makuba yabaye yahitanye Abarundi bo mu bwoko bwose. Ku bwiwe, leta ya CNDD-FDD ishaka kwubakira ku kuryanisha Abarundi mu kwigira umukunzi w’Abahutu kandi iyo leta nyene idasiba kugandagura Abahutu yita ko ari benewabo kuva ishitse ku butegetsi.