Amakuru
22 octobre 2021

Uguhonyanga agateka ka zina muntu vyarasubije inyuma intwaro rusangi yari igeze kure

Uburundi ngo bwarateye intambwe iboneka muri demokarasi ugereranije n’ibihe vy’imbere y’umwaka w’1993. Vyashikirijwe na Pierre Claver Nahimana, umukuru w’umugambwe Sahwanya-FRODEBU. Ni mu gihe hariko hibukwa imyaka 28 irangiye Melchior Ndadaye agandaguwe. Pierre Claver Nahimana yongera akavuga ariko ko igisata c’agateka ka zina muntu kikirangwamwo utunenge kubera ko hariho abagifungirwa ubusa abandi nabo bakicwa.