Abantu cumi na babiri barishwe, bane barakorerwa amabi afatiye ku gitsina, batatu baranyuruzwa, abandi mirongo ibiri n’umunani barahagarikwa bidakurikije amategeko. Ibi nivyo biri mu cegeranyo c’umuhari Iteka co mu ndwi iheze. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye ligue Iteka, arasaba leta gushengeza uwo wese yagirizwa ayo mabi ata mwana n’ikinono.
Amakuru
6 octobre 2021