Inzego z’umutekano zikwiye gukora ibishoboka vyose kugira zikingire abanyagihugu mu gutuza inkozi z’ikibi amaraso ataraseseka. Bivugwa n’Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu (CNIDH) inyuma y’ibitero vyahitanye abantu hirya no hino mu gihugu. Dr Sixte Vigny Nimuraba, arongoye CNIDH, agasaba abo bose bafise ivyo bipfuza gushikako mu gihugu kwirinda kubicisha mu nzira z’ubwicanyi. Yaboneyeho no kwiyamiriza ubwo bubisha.
Amakuru
6 octobre 2021