Amakuru
5 octobre 2021

Umukuru w’igihugu ntakwiye kwidoga, aba ahaye umwanya abamurwanya

Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira, asanzwe arongoye urunani CFOR-Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ngo imvugo y’umukuru w’igihugu yerekana ko ubutegetsi butariko busenyera ku mugozi umwe. Frederiko Bamvuginyumvira agahanura umukuru w’igihugu gushira ahabona imigambi yiwe yo guteza imbere igihugu maze abadashaka kumukurikira nabo bakaja ahabona.