Amakuru
1 octobre 2021

Urwaruka rw’impunzi z’Abarundi zo muri Congo rwaratswe uburenganzira bwo kwiga

Ishirahamwe HCR riherutse gufata ingingo yo guhagarika kurihira amafranga y’ishure abana b’impunzi bari mu gihugu ca Congo. Iyo ngingo rero igatuma abana batari bake bahagarika amashure kubera ata buryo bafise bwo kwirihira amashure. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi, (CBDH/VICAR). Mw’ikete ryanditswe na CBDH/VICAR bandikira uwurongoye ishirahamwe HCR mu gihugu ca Congo, basaba iryo shirahamwe guhagarika iyo ngingo kugira abo banyeshure bashobore gusubira mw’ishure.