Amakuru
1 octobre 2021

Innocent Gashirahamwe, yiyongera ku bitigiri vy’abamaze kuburwa irengero mu Burundi

Innocent Gashirahamwe, umusirikare afise ipete rya caporal-chef, yanyurujwe ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu mu Carama, mu gisagara ca Bujumbura. Akaba yegukira ikambi ya bataillon y’indwi ya MINUSCA, ni ukuvuga abasirikare bariko bitegurira kurungikwa mu gihugu ca Centrafrika. Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, amenyesha ko uwo musirikare yanyurujwe n’abagabo 6 bambaye impuzu zisanzwe ariko bakaba bari bitwaje inkoho zito zito bita pistolets, aca yurizwa imodoka yo mu bwoko bwa camionnette y’ibiyo bitabona.