Amakuru
1 octobre 2021

Ubutegetsi bwategerezwa gukingira abanyagihugu ku bitero vy’iterabwoba

Abatavuga rumwe na Leta y’Uburundi barafise ivyo basaba kuva kera kandi birazwi, ariko ntaco bipfana n’ibikorwa vy’iterabwoba bimaze iminsi biriko biraba. Leta rero ikaba itegerezwa gucungera umutekano w’abanyagihugu kandi ikareka gushaka gushira ako kabi ku batavuga rumwe na yo. Ivyo bishikirizwa na Dr Jean Minani, arongoye urunani CNARED. Ku bwiwe, ivyo ngo bishobora kuba biriko biraba kubera leta yanse ibiganiro, hakagira abihebura bagafata iyo nzira.