Gusubira gutunganya gushasha igisata c’ingenzi mu kwubaka inyubako nshasha, mu gutanga ubumenyi ku bakozi bakora muri ico gisata, no mu guhamagarira ingenzi kugendera igihugu c’Uburundi. Uwo niwo mugambi ubushikiranganji bw’Ubudandanji bufise, nk’uko bivugwa na Jérémie Banigwaninzigo, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji. Akaba yabivuze kuri uyu wa 27 Nyakanga mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru mu gihe hariko hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe ingenzi. Kuri Jérémie Banigwaninzigo, ngo uyo mugambi uzofasha cane mu kwongera ubutunzi bw’igihugu.
Amakuru
29 septembre 2021
