Abanyamulenge baba muri secteur ya Minembwe mu gihugu ca Congo bashikirije ibirego umushikirizamanza mukuru akukira sentare isambura imanza n’imbere y’uwurongoye sentare ya gisirikare. Antoinette Masoso, umwe mu bashikirije ivyo birego, avuga ko bitwaye kubera amabi bamaze igihe bakorerwa na bamwe mu basirikare hamwe n’imirwi irwana. Akavuga ko yizeye ko umushikirizamanza azokwirikirana iyo dosiye bagatunganirizwa kuko nabo nyene bafise uburenganzira bwo kubaho nk’abandi. Agasaba abandi Banyamulenge kuguma bafatanye mu nda.
Amakuru
28 septembre 2021
