Amakuru
25 septembre 2021

Umukuru w’igihugu aremeza ko agateka ka zina muntu gakingiwe mu gihugu c’Uburundi

Ibikenewe vyose vyarashizwe mu buryo kugira agateka ka zina muntu gakingirwe mu Burundi. Ivyo vyemejwe n’umukuru w’igihugu ku munsi wa kane. Evariste Ndayishimiye yariko avugira imbere ya bose y’inama mpuzamakungu ONU i New York. Ariko rero ejo nyene i Genève, umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi wariko utanga icegeranyo c’amatohoza yo yerekana ko ibintu vyayangaye mu Burundi. Uwo murwi werekana ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kabandanya.