Mu Burundi, aho iminsi ibiri yikurikiranye haturitse ama grenade yahitanye abantu batari bake, agakomeretsa abandi barenga 150, ngo harangwa amahoro n’umutekano. Ibi vyashikirijwe na Imelde Sabushimike, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu. Aho hari itariki 21 Nyakanga aho isi yose ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro. Uburundi bukaba bwawuhimbaje ku civugo « Duhaguruke turwanye akarenganyo hamwe n’ugutsimbataza amahoro arama ».
Amakuru
23 septembre 2021