Amakuru
10 septembre 2021

Abategetsi b’igihugu babwirizwa kwerekana amatungo yabo kugira igiturire kiveho

Kugira igiturire kiranduranwe n’imizi mu Burundi, abategetsi bakuru bakuru mu gihugu bategerezwa kwerekana amatungo yabo bari mu mabanga canke bayavuyemwo, hama bakabuzwa kurwanira amasoko ya leta. Ibi bishikirizwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Faustin Ndikumana akabona ko ivyo bidashizwe mu ngiro, hashobora kwaduka ingorane zikomeye mu bijanye n’intwaro ibereye.