Amakuru
9 septembre 2021

Abantu 20 barishwe mu kiringo c’iminsi 7 nk’uko biri mu cegeranyo ca Ligue Iteka

Abantu 20 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, muri bo hakaba harimwo abakenyezi 2 n’umwana akivuka, umuntu umwe akaba yaranyurujwe, hamwe n’abandi 10 bahagaritswe hadakwirikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Ligue Iteka igasaba Leta guhana abo bose bakora ayo mabi hatabaye nkunzi.