Ingabo z’Urwanda ntizagiye mu gihugu ca Mozambique mu ntumbero yo kurondera imfashanyo. Ahubwo zagiye guterera agacumu k’ubumwe mu gutuza imirwi y’iterabwoba. Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’Urwanda avuga ko Urwanda ruriko rurakoresha uburyo bwarwo muri ico gikorwa. Yabivuze ku munsi w’Imana mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru aho n’abanyagihugu bari bafise ububasha bwo kubaza ibibazo.
Amakuru
8 septembre 2021