Amakuru
7 septembre 2021

Umukuru w’igihugu ategerezwa gufata ingingo mu gihe cose bikenewe

Ngo biraboneka ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atari we atwara igihugu, ahubwo afise abandi bamuha amategeko kubera ko aguma yidodomba aho gufata ingingo. Uwo ukaba ari umwihwezo wa Jérémie Minani, arongoye umugambwe RDB Rassemblement des Démocrates Burundais. Ku bwiwe, ngo Evariste Ndayishimiye ariko asinziriza abantu abereka ko ababajwe n’ibibazo abanyagihugu bafise kandi atari vyo.