Amakuru
1 septembre 2021

Birababaje kubona amasezerano ya Arusha ariko arazimangana

Mu rukurikirane rw’isekeza ryo gusigura ibiri mu masezerano y’amahoro mu Burundi y’i Arusha, inyuma y’imyaka 21 ashizweko urukumu, umuhari MAP-Burundi Buhire werekana ko ayo masezerano yabaye impfagusa. Libérât Ntibashirakandi, avugira uwo muhari, ababazwa n’uko ayo masezerano yahonyanzwe kuva intwaro ya CNDD-FDD ishitse ku butegetsi, ari navyo vyatumye Uburundi budatera intambwe n’imwe mw’iterambere.