Amakuru
31 août 2021

Abantu barenga 200 bashizwe ahabona na FOCODE ko banyurujwe mu myaka ya 2015-2021

Ishirahamwe FOCODE riremeza ko abantu barenga 250 aribo bahagaritswe bakaburwa irengero hagati y’umwaka w’i 2015 n’i 2021. Bikavugwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye iryo shirahamwe. FOCODE ikaba itewe amakenga n’ukuntu iperereza ari ryo riri imbere mu gufata abantu, abenshi muribo bagaca baburwa irengero. Pacifique Nininahazwe atera akamo Abarundi bose gutabariza imiryango ababo banyurujwe bakaburwa irengero.