Amakuru
31 août 2021

Imyaka 21 iheze habonetse amasezerano ya Arusha, nta gahengwe ku Barundi

Haraheze imyaka 21 hemejwe amasezerano y’amahoro no kunywanisha abarundi ya Arusha. Hari ku wa 28 Myandagaro umwaka w’i 2000, aho mu gisagara ca Arusha muri Tanzaniya, leta y’ico gihe, abanyepolitike, amashirahamwe yigenga be n’abaserukira amashengero atandukanye, bashira igikumu kuri ayo masezerano yo guhagarika indyane igihugu cari kimazemwo igihe. Izo ndyane zikaba zari zimaze guhitana abantu barenga ibihumbi amajana 3. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe na leta, yari mu banyepolitike b’ico gihe, aratwibutsa ibintu nyamukuru ayo masezerano yari yubakiyeko.