Amakuru
28 août 2021

Urwego rw’ubutungane rukoreshwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu guhasha abo budakunda

Ubutungane bwo mu Burundi ni ikindi gikoresho gikoreshwa mu kwica abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Ibi bikaba arivyo biza kwigwa ku munsi ugira gatanu w’isekeza ry’iminsi indwi yahariwe isekeza Ndondeza. Pacifique Nininahazwe, yatanguje iryo sekeza, akabivuga afatiye ku kungene ubutungane bw’Uburundi ataco bukora ku bibazo bijanye n’Abarundi bafatwa n’inzego z’igihugu mu nyuma bakaburwa irengero.