Amakuru
27 août 2021

Umurwi wa ONU ujejwe gutohoza ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi ukwiye kwongererezwa ikiringo

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu mu Burundi (CNIDH) uremeza y’uko mu mwaka w’2020 ata muntu n’umwe yigeze aburwa irengero, ibitandukanye n’amatohoza yama ashirwa ahabona n’ishirahamwe FOCODE. Pacifique Nininahazwe, arongoye iryo shirahamwe, abimenyesheje muri iyi indwi yahariwe guhanahana ivyiyumviro kuri ico caha co kunyuruza abantu. FOCODE igatera akamo amakungu kwongereza ikiringo c’umurwi wa ONU ujejwe gutohoza ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi, gisanzwe kizorangira mu kwezi kw’icenda mu mwaka uza.