Amakuru
26 août 2021

Abanyagihugu baridogera ubutungane kubera kubura ababatunganiriza

Abanyagihugu ntibasiba kwidogera ubutungane mu ma komine yose y’Uburundi ku kubura ababatunganiriza. Ariko rero, ivyo bikaba mu gihe ama komine yose yuzuyemwo abakozi b’igisata c’ubutungane ata kindi bajejwe atari ukwuzuriza abanyagihugu. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yabivuze mu nama yamuhuje n’abacamanza n’abashikirizamanza muri zone Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa kabiri.