Amakuru
25 août 2021

Abashikirizamanza bari mu batuma igihugu kidatera imbere

Abagwizatunga b’abanyamahanga ntibakizana imitahe yabo mu Burundi kuko ubutungane burangwamwo igiturire. Ivyo ni ivyemejwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, kuri uyu wa kabiri, mu kiganiro yagiranye n’indongozi mu bashikirizamanza muri zone ya Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura. Yemeza ko abashikirizamanza bari mu batuma igihugu kidatera imbere.