Amakuru
24 août 2021

Abarundi bakwiye guhanura umumenyeshamakuru wo muri RFI avuga ko Covid-19 yimonogoje mu Burundi

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arasaba Abarundi guhanura umumenyeshamakuru wo muri RFI avuga ko Covid-19 yimonogoje mu Burundi. Umukuru w’igihugu akaba yabivugiye kuri uyu wa gatanu mu giteramo catunganijwe na leta y’Uburundi citiriwe gusezerera Abarundi baba mu mahanga. Evariste Ndayishimiye avuga ko bimaramaje kubona uwo mumenyeshamakuru yipfuza kubona Abarundi bamarana.