Abategetsi bategerezwa kwemanga ko icaha co kunyuruza abantu bakaburwa irengero gihari mu Burundi, amakungu nayo akamenya ko ico caha c’agahomerabunwa kibandanya mu gihugu. Ayo majambo niyo Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE, akoresha mu kumenyesha itanguzwa ry’indwi yahariwe isekeza Ndondeza, rikaba ari naryo zina ry’umugambi FOCODE yashinze. Ivyo bikozwe mu gihe hasigaye indwi imwe kugira habe umunsi wahariwe kwibuka kw’isi abantu banyurujwe bakaburwa irengero.
Amakuru
24 août 2021