Amakuru
19 août 2021

Uko ivyerekeye ukunyuruzwa vyifashe mu Burundi

Abantu baburwa irengero mu Burundi baguma biyongera. N’aho abategetsi bahakana ko ata bahari, ibitigiri vyo vyerekana ko ico kibi cimonogoje. Uburorero ni bwinshi. Abaharanira agateka ka zina muntu ntibahengeshanya kuvyerekana bamira, co kimwe n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza ku Burundi.