Igihugu c’Urwanda nico gihugu ca mbere cashoboye kudufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrika. Vyashikirijwe na Faustin Archange Touadéra, umukuru w’igihugu ca Centrafrika, mw’ijambo ryiwe yashikirije kuri uyu wa kane, aho ari mu ruzinduko rw’iminsi ine mu gihugu c’Urwanda. Faustin Archange Touadéra akaba yasavye abagwizatunga bo mu gihugu c’Urwanda kuzoja gukorera muri Centrafrika kuko ico gihugu gisanzwe gifise ubutunzi bwinshi.
Amakuru
7 août 2021
