Amakuru
6 août 2021

Uruhara rwa leta y’Uburundi mu gufasha abazana imitahe mu Burundi ruzoguma ruboneka

Leta y’Uburundi ntizohengeshanya gufasha abanyamitahe b’abanyamahanga bashaka guterera igihugu mu bijanye n’iterambere rirama. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ku munsi wa gatatu. Hariko hatanguzwa inama igira iya 58 ya « Caucus africain » ihuza abashikiranganji ba Afrika baraba ivy’ibigega vya leta, inama iriko ibera i Bujumbura. Ngo n’aho hari ibibazo bikijanye n’ubutunzi mu gihugu, Evariste Ndayishimiye aremera ko ivyo gukora biriho mu Burundi.