Leta y’Uburundi ntizohengeshanya gufasha abanyamitahe b’abanyamahanga bashaka guterera igihugu mu bijanye n’iterambere rirama. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ku munsi wa gatatu. Hariko hatanguzwa inama igira iya 58 ya « Caucus africain » ihuza abashikiranganji ba Afrika baraba ivy’ibigega vya leta, inama iriko ibera i Bujumbura. Ngo n’aho hari ibibazo bikijanye n’ubutunzi mu gihugu, Evariste Ndayishimiye aremera ko ivyo gukora biriho mu Burundi.
Amakuru
6 août 2021
