Ivuriro Tanganyika Care Polyclinic, ibitaro biherutse kwugururwa mu gisagara ca Bujumbura, bikoresha ubuhinga bushasha bwo kubaga abantu batabuguruye. Ngo ubwo buhinga bwo kubaga buzotuma abahora baja mu mahanga kwibagishirizayo batajayo. Muganga Jean Pascal Abayo, arongoye imbere y’amateko iryo vuriro, avuga ko abarwayi amaze kubaga akoresheje ubwo buhinga bakize bameze neza.
Amakuru
5 août 2021