Abategerezwa kumufasha nibo barya ibiturire bakongera bakanyonora ubutunzi bw’igihugu. Ayo majambo yivugiwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, aho avuga ko ata muntu n’umwe afise amufasha kurongora igihugu. Akaba yabivugiye mu gikorane catunganijwe i Ngozi n’umugambwe CNDD-FDD ku wa kane wa nyuma w’ ukwezi kwa Mukakaro. Evariste Ndayishimiye akamenyesha ko Imana n’abanyagihugu bazomufasha kumenya uwo wese arya ibiturire canke anyuruza itunga rya Leta.
Amakuru
3 août 2021
