Amakuru
29 juillet 2021

Nadine Kanyange yararengutse kuri uyu wa kabiri ya parquet ikukira sentare nkuru ya Ntahangwa

Inyuma y’iminsi 11 hanyurujwe umwigeme azwi kw’izina Nadine Kanyange wo muri komine ya Mabanda mu ntara ya Makamba, yararengutse kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Mukakaro 2021 imbere ya parquet ikukira sentare nkuru ya Ntahangwa. Inyuma yo kwumvirizwa, yaciye ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Parquet ikaba yamwagirije gukorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho.