Kubona Leta y’Uburundi itemera ko abanyagihugu baronswa incanco ngo vyoba biva ku butunzi bucumbagira. Nayo kuvuga ko ari uko abanyagihugu bamenye kwikingira no kuyirwanya ngo nta fatiro bifise. Ivyo bisigurwa n’umuhinga mu vy’amagara y’abantu mu bihe bidasanzwe Come Konakuze. Akamenyesha ko kugira igihugu gikorane n’umugambi wa OMS ujejwe incanco mu bihugu bikenye, bisaba ko igihugu kibanza kwerekana ibikorwa kandi bijana n’amafranga. Ariko rero Come Konakuze ahanura Leta y’Uburundi kwegera ababafasha kugira begere umugambi Covax ubaronse incanco mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu.
Amakuru
28 juillet 2021