Droits humains
27 juillet 2021

Kwimurira mw’ikambi ya Nduta impunzi z’Abarundi zahora mw’ikambi ya Mutenderi bizogira ingaruka mbi

Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko badatahura ingene impunzi z’Abarundi zahora mw’ikambi ya Mutenderi zimurirwa mw’ikambi ya Nduta. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani CBDH/VICAR akamenyesha ko ivyo bizogira ingaruka mbi kubera ko ikambi ya Nduta yama yibonekejemwo umutekano muke. Muri CBDH/VICAR baboneraho gusaba impunzi kubandanya bicungerera umutekano wabo.