Amakuru
27 juillet 2021

Igihugu c’Uburundi ntikiriko kirashiramwo inguvu mu guhangana n’ikiza ca Corona

Ivyo bitigiri vy’umurengera vy’abandura umugera wa Corona birahagaritse umutima bamwe mu banyepolitike batavuga rumwe na Leta. Frédériko Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akababazwa n’ingene igihugu c’Uburundi kitariko kirashiramwo inguvu mu guhangana n’ico kiza nk’uko biriko birakorwa kw’isi yose muri kino gihe. Agasaba Abarundi kubandanya bubahiriza ibisabwa mu kwirinda uwo mugera.