Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aragabisha abo bose bahawe amasoko yo gushikana amazi meza muri komine Giheta mu ntara ya Gitega, co kimwe n’abahawe amasoko yo kuhubaka amashure, kubikora mu maguru masha ngo atari uko ko bazohanwa mu gihe ayo masoko bahawe batayubahirije. Ivyo akaba yabivuze mu ntango z’ino ndwi aho yari yagiye gutemberera iyo komine.
Amakuru
25 juillet 2021
