Ishirahamwe PARCEM rirashima ingingo yaraye ifashwe n’ibanki nkuru y’igihugu aho isaba ko ikoreshwa mu Burundi ry’amafranga mvamakungu mu bijanye n’amasezerano, irihwa ry’ibidandazwa n’akazi bitacemewe. Faustin Ndikumana arirongoye, ati iyo ngendo izofasha cane kugira ifaranga ry’uburundi ntirite agaciro nk’uko vyabaye mu bindi bihugu nka Congo icitwa Zaïre na Zimbabwe aho amahera yabo hageze igihe adasubira gukora.
Amakuru
15 juillet 2021