Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Urwanda Edouard Ngirente yarifadikanije n’abategetsi b’Uburundi mu guhimbaza umunsi mukuru w’ukwikukira kw’ Uburundi kuri uyu wa 01 Mukakaro 2021. Muri ivyo birori bigira ivya 59, Edouard Ngirente yaramenyesheje ko yitavye ivyo birori ku butumire bwa leta y’Uburundi, akaba yaserukiye umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire.
Amakuru
3 juillet 2021
