Isabukuru y’imyaka 59 Uburundi bwikukiye yahimbajwe kuri uyu wa mbere Mukakaro umwaka w’2021. Icivugo c’uno mwaka akaba ari « Ukuzirikana uruhara rw’umunyagihugu mu buzima bw’igihugu, niwo mushinge wo kwikukira ». Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yibukije abarundi ko uwo munsi wibutsa aho abarundi bikurako akagaye n’agacinyizo k’abanyamahanga.
Amakuru
3 juillet 2021
