Amakuru
22 juin 2021

Ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa biruka bita Marathon ryarabaye

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 20 Ruheshi 2021, harabaye ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa biruka ku birometero vyinshi ivyo bita Marathon. Iryo higanwa ryitiriwe Amahoro ryabereye mu gisagara ca Kigali, rikaba ribaye ku ncuro ya 16. Igitigiri c’abaryitabiriye cabaye gito ugereranije no mu myaka iheze ku mvo yo kwirinda ikiza ca Corona. Abaryitabiriye bose basabwa kubanza kwipimisha hakoreshejwe uburyo butanga inyishu yihuse. Mu gice c’abagabo, Umunyethiopia Derseh Kindie, afise imyaka 22, niwe yabaye uwa mbere, akaba yakoresheje amasaha 2, iminota 23 n’amasegonda 29. Mu gice c’abakenyezi, naho, umunyakenyakazi Isgah Cheruto, akaba ariwe yaje mu kibanza ca mbere, yakoresheje amasaha 2, iminota 51 n’amasegonda 43. Derseh Kindie akavuga ko ata tandukaniro rinini rihari hagati y’amahiganwa nk’ayo abera muri gihugu iwabo hamwe n’ayabera mu Rwanda.