Amakuru
9 juin 2021

Umunsi wahariwe gukunda igihugu ntiwari ukwiye gutandukanywa n’umunsi mukuru w’ukwikukira kw’Uburundi

Agathon Rwasa, umushingamateka atavuga rumwe na leta, avuga ko bibabaje kubona hashirwaho umunsi wahariwe gukunda igihugu witirirwa Petero Nkurunziza, nk’uko ata bandi Barundi bagize ico bakora kugira Uburundi bushike aho bugeze uno munsi. Kubwa Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL, uwo munsi mukuru ntiwari ukwiye gutandukanywa n’umunsi mukuru w’ukwikukira kw’Uburundi.