Amakuru
5 juin 2021

Abarundi batari bake barafatwa mu gihugu n’inzego z’iperereza

Abarundi batari bake barafatwa hirya no hino mu gihugu n’inzego z’iperereza, imiryango yabo ikabura aho batwawe. Akarorero ni uwitwa Ernest Bagayuwitunze na Thierry Kwizera, bagirizwa ivyaha bitandukanye bakaba baheruka gutwarwa n’izo nzego, ariko imiryango yabo ikabura irengero ryabo. Ivyo rero bikaba biteye umutima uhagaze Pacifique Nininahazwe, yatanguje isekeza Ndondeza. Pacifique Nininahazwe agasaba abategetsi b’Uburundi ko bokwikubita agashi bagakemura ico kibazo c’abo banyagihugu.