Amakuru
28 mai 2021

Ibitero biheruka kubera i Muramvya n’i Mwaro vyabaye imbarutso yo gufata abantu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD

Ibitero biheruka kubera mu ntara ya Muramvya hamwe no mu ntara ya Mwaro vyabaye imbarutso yo gufata abantu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD eka n’abaheruka kurekurwa mu mabohero n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu. Muri abo bafatwa, benshi bakaba bari mu mugambwe CNL hamwe n’abahoze mu gisirikare ca kera ex-FAB bo mu bwoko bw’abatutsi. Ibi bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE. Pacifique Nininahazwe agasaba ubutegetsi bw’igihugu kuva mu gacarere, bugasigura aho abantu bajanwa.