Amakuru
19 mars 2021

John Pombe Magufuli yaranguye vyinshi mu gihugu ciwe, mu karere, no muri Afrika

John Pombe Magufuli ngo yaranguye vyinshi mu gihugu ciwe, mu karere, no muri Afrika. Vyashikirijwe ku munsi w’ejo wa kane, igenekerezo rya 18 Ntwarante 2021, n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Yarongeye amenyesha kandi ko hashinzwe ikigandaro c’iminsi 7, amabendera nayo akazoduzwa gushika hagati mu gihugu cose no mu buserukizi bwose bw’igihugu c’Uburundi gushika umunsi azoshingurigwa.