Amakuru
17 mars 2021

Hariho akarwi k’abasirikare bo hejuru bahurikiye mu citwa « Club Nonoka » gatwara n’umukuru w’igihugu

Hariho akarwi k’abasirikare bo hejuru bahurikiye mu citwa « Club Nonoka » kica kagakiza mu Burundi ari ko kanatwara n’umukuru w’igihugu. Bivugwa na Emmanuel Ndereyimana, umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi w’urunani CFOR-ARUSHA. Ngo kimwe mu bibigaragaza, ni uko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye afata ingingo ariko hakabaho akarwi kanka ko zija mu ngiro. Mu runani CFOR-ARUSHA, bagafatira akarorero ku ngingo yo kurekura abanyororo barenga ibihumbi 5 iherutse gufatwa n’umukuru w’igihugu, ariko n’ubu bakaba bagifunzwe.