Bamwe mu bategetsi mu gisirikare c’Uburundi bakorana na bamwe mu barongoye abandi mu mirwi igwanya igihugu kibanyi c’Urwanda. Kayumba Nyamwasa niwe avugwa na Callixte Nsabimana, batazira Sankala, yahoze ari umuvugizi w’umuhari FLN, ubu akaba afungiwe mu Rwanda, inyuma y’aho afatiwe mu mahanga haraheze hafi imyaka ibiri. Avuga ahanini uwurongoye ibiro bikuru vya Gisirikare Général Prime Niyongabo, uwahoze arongoye iperereza mu gisirikare c’Uburundi colonel Ignace Sibomana, na Gahungu batazira Moses, yahoze atwara iperereza ryo hanze y’Uburundi. Akaba yabishikirije mu rubanza rwo mu ndwi iheze imbere ya sentare nkuru y’Urwanda.
Amakuru
16 mars 2021