Amakuru
15 mars 2021

Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi hamwe n’ibidukikije mu ntara ya Gitega yarabogojwe n’umukuru w’igihugu

Inyuma y’aho umukuru w’igihugu yidogeye ko umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi hamwe n’ibidukikije mu ntara ya Gitega adashika ku rubuga kugira afashe abarimyi, yahavuye afata ingingo yo kumubogoza muri ayo mabanga. Mw’ishirahamwe OLUCOME, barashima iyo ngingo ariko kandi bagasaba Evariste Ndayishimiye kubikora no ku bandi bakozi ba Leta bagirizwa kurya ibiturire harimwo na bamwe mu bategetsi bakomeye muri Leta yiwe.