Amakuru
12 mars 2021

Inyungu za politike ibihugu bishigikiye Uburundi bifise zari zikwiye kujana n’inyungu z’abarundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu kugira ntikabandanye kwunyuka

Inama y’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu, yari yitabwe n’ibihugu bigize inama ya ONU iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu. Bamwe muri abo barashigikiye leta y’Uburundi, baranagiriza umurwi w’amatohoza ku Burundi gukora utemewe n’abategetsi b’Uburundi. Ku rundi ruhande, ibihugu bitari bike vyarashigikiye uwo murwi w’amatohoza ku Burundi, birananegura ingene ibijanye n’agateka ka zina muntu bibandanya mu Burundi. Ariko ivyo bihugu vyose bigahuriza ku twigoro leta y’Uburundi imaze kwerekana, nko kurekura abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu, n’ingingo yo kurekura abafungwa. Kubwa Doudou Diène, arongoye uwo murwi wa ONU ugira amatohoza ku Burundi, ngo inyungu za politike ibihugu bishigikiye Uburundi bifise zari zikwiye kujana n’inyungu z’abarundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu kugira ntikabandanye kunyuka.