Amakuru
10 mars 2021

Birabujijwe kwinjiza mu gihugu intete canke ifu y’ibigori mu kiringo c’amezi atandatu kuva kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante umwaka w’2021

Birabujijwe kwinjiza mu gihugu intete canke ifu y’ibigori mu kiringo c’amezi atandatu kuva kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante umwaka w’2021. Iyo ngingo ikaba yamenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji aho bumenyesha ko intete n’ifu y’ibigori birimwo ubumara bushobora gutera ingwara ya Cancer. Jérémie Banirwaninzigo, n’umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji.