Amakuru
5 mars 2021

Abantu 17 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, 4 bakorewe amabi afatiye ku gitsina, 1 yanyurujwe, 5 basinzikarijwe ubuzima, hamwe n’abagera 171 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko

Abantu 17 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, muri bo harimwo abakenyezi 3 n’umwana, abantu 4 bakorewe amabi afatiye ku gitsina, umuntu 1 yanyurujwe, abantu 5 basinzikarijwe ubuzima, hamwe n’abagera 171 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri bikaba biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka c’ukwezi kwa Ruhuhuma. Bivugwa na Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye Ligue Iteka.